Hamas na Fatah bagiriraniye amasezerano mashasha

Viongozi wa Palestina katika mkutano wa awali
Image caption Abategetsi ba Palestine bari munama yo kugiriranira amasezerano.

Umuvugizi w'umuhari w'abagwanyi bo muri Palestine, Hamas, yavuze ko uwo muhari wagiriraniye amasezerano n'uwundi batavuga rumwe wa Fatah yo guhagarika imishamirano iri hagati yayo.

Uwo muvugizi avuga ko ido n'ido ry'ayo masezerano azoshirwa ahabona mu kiganro bazoha abamenyeshamakuru mu gisagara ca Cairo mu Misri, aho igice ca kabiri c'ibiganiro kizotangura ku musi wa kabiri.

Gushika ubu, umuhari Fatah nta co uravuga.

Umunyepalestine yishe abanye Israel batatu n'inkoho muri West Bank

Misiri yaciye igisoda c'umugambwe Hamas

Mu kwezi guheze umuhari Hamas yavuze ko itazemera akanama gahagarariye akarere ka Gaza.

Image caption Ikarata ya Palestina

Hamas yigaruriye akarere ka Gaza inyuma yo kuhirukana abagwanyi ba Fatah mu 2007, umwaka umwe inyuma y'aho Hamas itsindiye amatora muri Palestine.