Amerika irasaba ko intambara ibera Kirkuk ihagarara

Iraqi forces near an oil facility in Kirkuk, Iraq (16 October 2017) Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igisirikare ca Irak kivuga ko cigaruriye ahari amahinguriro y'ibitoro inyuma y'aho aba Peshmarga bakuriye meza

Amerika yateye akamo ko ukurangiza intambara inyuma y'ayo abasirikare ba Irak bigaruriye igisagara co mu buraruko ca Kirkuk, hari icicaro gikuru c'aba Kirde.

Umuvugizi wa reta Heather Nauert yahamagariye impande zose kwirinda ko basubira gutana mu mitwe.

Igisirikare ca Irak cateye mu gisagara ca Kirkuk inyuma y'indwi zitatu akarere ka Kirdistan gakoresheje amatora ya kamarampaka yo kwikukira.

Ababa mu karere kagenzurwa n'aba Kirde, harimwo na Kirkuk barashigikiye cane uko kwiyonkora kuri Irak mu matora yabaye itariki 25 ukwezi kw'icenda.

Imirwano hagati y'abarwanyi b'Abashia n'aba Kurde muri Irake

N'aho Kirkuk itari mu karere ka Kirdista, abahaba barahawe uburenganzira bwo kuja muri ayo matora.

Umushikiranganji wa mbere wa Irak, Haider al-Abadi yavuze ko ayo matora atisunze ibwirizwa shingiro.

Ariko reta y'akarere ka Kirdistan (KRG) yagumye ivuga ko bakurikije amategeko.

Hagati aho, hari inkuru zivuga ko abagwanyi bafashwe mu mugongo na reta ya Irak bigaruriye igisagara ca Sinjar mu buraruko bushira uburengero bw'intara ya Nineveh.

Kamarampaka y'amateka ku ba Kurde muri Iraki

Ico gisagara ciyitirirwa na reta ya Irak co kimwe n'aba Kirde.

Cafashwe ata ntambara zibaye inyuma y'aho abagwanyi b'aba Kirde Peshmarga bakuye meza muri ako karere.