Umusirikare wa N Korea yarashwe atorotse ageze habi

Abaganga bakuye amasasu atanu mu mubiri w'uwo musirikare, ariko bakibaza ko hari ayandi abiri yarakimurimwo Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abaganga bakuye amasasu atanu mu mubiri w'uwo musirikare, ariko bakibaza ko hari ayandi abiri yarakimurimwo

Umusirikare wa Korea ya Ruguru (N Korea) yatorotse avuye mu gace gacungerewe cane gatandukanya Korea zibiri, yarashwe incuro nyinshi, ubuzima bwiwe bukaba bugeze habi, niko Korea Yepfo yavuze.

Uwo musirikare yajabutse aja ku ruhande rwa Korea Yepfo mu kigwati ca Panmunjom ku munsi wa mbere.

Yariko agendesha imodoka mu karere ivyo bihugu bibiri bifashanya kugenzura umutekano "Joint Security Area" (JSA) ariko aruhira kubandanya n'amaguru, ipine imwe yugurutse, niko Korea Yepfo yavuze.

Inteko za N Korea zamurashe incuro 40 - ariko arashobora kujabuka, abamutoye bamusanga munsi y'ivyatsi.

Abantu bashika 1000 bavuye mu ya ruguru barahungira mu yepfo ku mwaka - ariko ni bake baca mu karere kabujijwemwo ibikogwa vya gisirikare Demilitarised Zone (DMZ), ka mbere gacungerewe kw'isi.

Korea ya Ruguru n'iy'epfo zisa n'izikiri mu ngwano, naho indyane zari hagati yazo zaheze mu 1953 mu masezerano yo guhagarika ingwano ariko bidasigura ko ajana n'amahoro.