Irani: Abacitse kw'icumu inyuma ya nyamugigima basavye gufashwa

Perezida Rouhani yagendeye agace kibasiwe ka Sarpol-e Zahab kibasiwe na nyamugigima ku munsi wa Mungu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Rouhani yagendeye agace kibasiwe ka Sarpol-e Zahab kibasiwe na nyamugigima ku munsi wa Mungu

Abanya Irani basigaye baryama hanze mu mbeho inyuma ya nyamugigima yahitanye abantu barenga 500 isenyura n'inzu, basaba imfashanyo.

Inyubakwa 12000 zarasambutse, abanyagihugu bazibamwo bakaba basigaye barara hanze mu mbeho.

Umukuru w'igihugu ca Irani, Hassan Rouhani, yagendeye ako karere, aho abapfuye bageze ku 540.

Yavuze ko uburyo bwa leta bwungururijwe mu gutabara imbabare.

Bwana Rouhani yavuze ko inzu leta yari yubatse zabomotse, avuga kw'iyo zitaba zubatswe ku mategeko, ko abazubatse bohanywe.

Hari ubukanye burenze urugero mu ntara ya Kermanshah muri ano majoro abiri akurikirana.

Ali Gulani w'imyaka 42, yabwiye bbc ko bacana amakaziye akozwe mu biti kugira ngo bagume bashushe.

"Tuba mw'ihema kandi nta mfungugwa hamwe n'amazi dufise," niko yavuze. "Wumva abana barira, harakanye cane. Baguma bapfumbatiye abavyeyi ngo basusuruke- birababaje."