Burundi: 'Reta y'ubumwe ku rutonde rw'ivyigwa mu biganiro i Arusha muri Tanzania

Umuhuza mu matati y'abarundi Benjamin Mkapa ( ari hagati yambaye amarore)
Image caption Umuhuza mu matati y'abarundi Benjamin Mkapa ( ari hagati yambaye amarore)

Ku rutonde rw'ibizoganirwako mu biganiro bihuza abarundi i Arusha mu gihugu ca Tanzania, bititabwe n'umuhari CNARED utavugwa rumwe na reta, harimwo gushinga reta y'Ubumwe.

Mu bindi bizirwa harimwo kwihweza uko umutekano wifashwe no kwamirira kure ubwicanyi bwose, kwiyemeza kugendera ku mategeko no kugwanya ukudahana, ikibanza cohabwa amasezerano ya Arusha.

Hariko kandi gutsimbataza umuco wa demokrasi no kwishira n'ukwizana muri politike, ingorane ziri mu mibano, ingaruka ibibazo biri mu Burundi zagize ku butunzi hamwe n'imigenderanire Uburundi bufitaniye n'ibindi bihugu bibanyi hamwe n'abandi babufasha.

Ibibazo n'ivyiyumviro ku biganiro vy'Abarundi biri Arusha

Inkuru ziriko zirava i Arusha zivuga ko ata n'umwe yari yiteze ko ico kibazo co kugabangana ubutegetsi kiza kuba kiri ku rutonde.

Image caption Burundi: 'Reta y'ubumwe ku rutonde rw'ivyigwa mu biganiro i Arusha muri Tanzania

Intumwa z'Uburundi zirongowe na Terence Ntahiraja icegera c'umushikiranganji w'umutekano mu gihugu.

Abatavuga rumwe bahurikiye mu muhari CNARED hamwe n'amwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike ari mu buhungiro baramaze kumenyesha ko batazitaba ivyo biganiro.

Ibiganiro vy'abarundi birabandanya i Arusha

Uwufise ububasha kw’isanamu CHARLES NDITIJE FACEBOO
Image caption Charles Nditije arongoye CNARED avuga ko batazitaba ivyo biganiro

CNARED ahubwo yaciye itunganya inama yo mu mwiherero mu Bubiligi, mu ntumbero yo gutora indongozi nshasha.

Hari n'amashirahamwe adaharanira inyungu za politike ari mu kwaha kw'ubutegetsi yidoga ko atatumiwe muri ivyo biganiro.

Muri ivyo biganiro kandi bizorangira itariki umunani z'ukwezi kwa cumi na kabiri mu 2017.