A.Saudite: Umuganwa Miteb yarekuwe arishe umuriyaridi w'amadolari

A.Saudite: Umuganwa Miteb yarekuwe arishe umuriyaridi w'amadolari Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption A.Saudite: Umuganwa Miteb yarekuwe arishe umuriyaridi w'amadolari

muganwa wo muri Arabia Saoudite Miteb bin Abdullah yarekuwe inyuma y'indwi zitatu ahagaritswe yagirizwa igiturire, nk'uko abategetsi babivuga.

Umuganwa Miteb yaboneka nka samuragwa w'ingoma, yarekuwe inyuma yo kwemera kuriha ihadabu r'umuriyaridi w'amadolari.

N'umwe mubanyepolitike n'abagwizatunga 200 bafashwe muri ico gihugu mu rugamba rwo kurwanya igiturire itariki 4 z'ukwezi kwa cumi na rimwe.

Abandi bantu batatu barekuwe inyuma yo kwemera kuriha ihadabu.

Ni vyo umuganwa Miteb yarekuwe uyu musi mu gaturuturu (ku wa kabiri) nk'uko inkuru zitangwa n'abegereye reta zashikiriye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.

Abapfasoni barekuriwe gutwara imodoka muri Arabie Saoudite

Amatohoza ku mupfasoni yambaye ijipo ngufi muri Arabia Saudite

Miteb asanzwe ari muvyara w'umuganwa Mohammed bin Saman kandi yigeze kuba arongoye abasirikare barinda umwami ni we yaboneka ko ari umuntu akomeye muri politike y'ico gihugu yafatiwe muri urwo rugamba rwo kugwanya igiturire.

Uwo muhungu w'umwami Abdullah yahagaritswe mu kazi kiwe umwanya muto imbere y'uko afatwa.

Abaganwa, abashikiranganji n'abagwizatunga bakomeye barahagaritswe mu ntango z'uku kwezi bapfungirwa mw'ihoteli imwe ikomeye cane bagirizwa kurya ibiturire.