Zimbabwe: Sentare yagize umwere umupasitori anegura Mugabe

Pasitori Evan Mawarire, yarekuwe na sentare ya Harare ku wa gatatu yahamagaje iyindi myiyerekano
Image caption Pasitori Evan Mawarire, yarekuwe na sentare ya Harare ku wa gatatu yahamagaje iyindi myiyerekano

Sentare imwe yo mu gihugu ca Zimbabwe yagize umwere umuntu yahora anebagura bokomeye uwahoze arongoye ico gihugu Robert Mugabe.

Pasitori Evan Mawarire yagirizwa kugerageza guhungabanya ibikorwa vya reta no kugumura abanyagihugu.

Ivyo bigafatira ku myiyerekano bivugwa ko pasitori Mawarire yateguye mu mwaka uheze.

Pasitori Evan Mawarire yahamagaje iyindi myiyerekano

Urwo rubanza rwabonetse nk'ikimenyetso c'ubwigenge bw'ubucamanza bwa Zimbabwe inyuma y'aho Mugabe aviriye ku butegetsi. Avuga kuri uko kugirwa umwere, Mawarire yavuze ku rubuga ngurukanabumenyi ko ubu hageze ko bafatana munda mu guteza imbere igihugu ca Zimbabwe.