Igipolisi kiri mu matohoza ku kwiyahura kwa Praljak

Slobodan Praljak Uwufise ububasha kw’isanamu ICTY

Abategetsi b'Ubuholande batanguye amatohoza yo kumenya ingene umubosinia w'umukroate yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara yashoboye kwinjiza uburozi bwo kwiyahura muri sentare mu rubanza rw'iyungururizo rwariko rurerekanwa ikibiriraho ku mboneshakure.

Slobodan Praljak w'imyaka 72 yapfiriye mu bitaro ku wa gatatu inyuma yo kunywa uburuzi inyuma yo kuvuga ko ari umwere.

Sentare yari ihejej kwemeza igipfungo c'imyaka 20 kubera ivyaha yagirizwa vyo mu ntambara.

ICC: Praljak yagirizwa ubwicanyi yanyoye ubumara muri sentare

Bamwe mu babosinia b'abakrowate bagize igiteramo co kwibuka umugabo bafata nk'incungu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu amajana n'amajana bakoraniye i Mostar bagandariye Slobodan Praljak yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara

Umushikirangani wa mbere wa Croatie, Andrej Plenkovic yanebaguye bikomeye sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho igihugu ca Yougoslavia yari yamuciriye urubanza.

Ugusubira kwemeza igihano ca Praljak hamwe n'abandi bantu batanu kurangije imyaka irenga 20 y'ibikorwa vy'iyo sentare.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Rusehabaniha yarabonetse imbere ya sentare ICC ku musi wa gatatu