Inyamaswa y'ingwe yahatswe kwonona ubukwe mu Buhindi

Ingwe yahutse ubukwe mu Buhindi ariko ntawe yakomerekeje Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ingwe yahutse ubukwe mu Buhindi ariko ntawe yakomerekeje

Abatumire mu bukwe mu gihugu c'Ubuhindi batunzwe n'ayo bameze nyuma yaho habonyekeye muri ubwo bukwe umutumire atari yitezwe.

Uwo mutumire si uwundi ni ingwe nini yahutse ubwo bukwe ivuye mw'ishamba riri hafi.

Video yafashwe yerekanye abantu bahunga n'ubwoba bwinshi cane, igihe ico gikoko casimba urugo kikinjira mu rupango bariko bariyakiriramwo.

Nta n'umwe yakomeretse kandi iyo ngwe yaciye inyikira mu biti ariko mu nyuma yaje gukomeretsa cane umugore wo mu kigwati kiri hafi.

Abajejwe amashamba mu ntara ya Madhya Pradesh ubu bariko bararereka iyo ngwe, ishobora kuba yirukanywe mu cibare cayo n'iyindi ngwe iyirusha ubuto.