Pep Guardiola agiye kugiriranira amasezerano mashasha na Man City

Pep Guardiola agiye kugiriranira amasezerano mashasha na Man City Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pep Guardiola agiye kugiriranira amasezerano mashasha na Man City

Man City igiye kugiriranira amasezerano mashasha n'umumenyereza w'uwo mugwi Pep Guardiola mu gihe bafise intumbero yo gukomeza uwo mugwi kugira ushobore guhangana n'umukeba wawo Man United.

United yatwaye ibikombe umunani kuri 11 imenyerezwa na Sir Alex Ferguson, City ikaba yipfuza gukora nk'ivyo.

Batsinze Tottenham ibitego 4-1 ku musi wa gatandatu mu guca umuhigo wo gukina inkino 16 zose badatsinzwe bakaba bari imbere amanota 11 kuri United ya kabiri.

Amasezerano Guardiola afitaniye n'uwo mugwi azorangira mu 2019.

Nta gikombe na kimwe aratwara - ariko abategetsi ba City bafitiye icizere Guardiola

Guardiola yahoze amenyereza Barcelone na Bayern Munich, yaje mu mugwi wa City mu ci ryo mu 2016.

Agishika, uwo mugwi wabaye uwa gatatu mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, uratsindwa mw'ihiganwa ry'igikombe ca FA mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, hanyuma unasezererwa mu mahiganwa y'imigwi yabaye iya mbere iyabo no mu gikombe ca EFL.