Nigeria: Abac'ibiti 31 ngo boba banyurujwe na Boko Haram

Bamwe mu baheruka kubohozwa n'igisirikare ca Nigeria bari bafashwe na Boko Haram Uwufise ububasha kw’isanamu NIGERIAN ARMY
Image caption Bamwe mu baheruka kubohozwa n'igisirikare ca Nigeria bari bafashwe na Boko Haram

Niburiburi abantu 31 mu bac'ibiti barondera inkwi mw'ishamba banyurujwe n'abagwanyi ba Boko Haram mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria hafi y'urubibe na Cameroun.

Banyururijwe hafi y'igisagara ca Gamboru ku mupaka wa Cameroon.

Muri ico gisagara niho umwiyahuzi yishe niburiburi abantu 10 mu musigiti wari wuzuye abantu ku munsi wa gatatu, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC i Abuja, Is'haq Khalid yavuze.

Abanyagihugu bavuze ko benshi mu banyurujwe ari abagabo bakiri bato, bari bagiye mw'ishamba kurondera inkwi zo kugurisha ngo bibesheho, ku bw'uwo mumenyeshamakuru.

Ntibiramenyekana neza uwanyuruje abo bantu ariko umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, Boko Haram niwo ukorera muri ako karere kari ku mupaka wa Cameroun.

Abantu baharugwa mu mirongo baheruka kunyuruzwa haheze iminsi mike igisirikare ca Nigeria kimenyesheje ko abanyagihugu 700 bari bagizwe imbohe na Boko Haram batorotse, inyuma y'ibitero bikomeye vy'igisirikare ku bagwanyi ba Boko Haram.

Bivugwa ko Boko Haram imaze kunyuruza abantu baharugwa mu bihumbi, mu myaka umunani imaze yigumura mu bihugu vyinshi bikikuje ikiyaga Tchad.

Uwurongoye uwo mugwi Abubakar Shekau yarabonetse ku mashusho ya video muri ino ndwi, yiyamiriza amajambo ubutegetsi bwa Nigeria bwashikirije, k'uwo mugwi waneshejwe.