Australia gishaka kuba igihugu kidandaza urumogi rwinshi kw'isi

A generic image of a cannabis leaf Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igihugu ca Australia kiriko kiritegurira kwemeza kugurisha urumogi mu bindi bihugu

Reta ya Australia yamenyesheje ko ishaka kuba igihugu ca mbere kigurisha urumogi rukoreshwa mu buvuzi kw'isi yose.

Ico gihugu kiriko kiritegura gusubiramwo amategeko yaco kugira kimere co kimwe na Canada hamwe n'Ubuholane , ubu ari vyo bihugu vyonyene bishora urumogi mu bindi bihugu.

Ibihugu vya Uruguay na Israel na vyo nyene birafise imigambi nk'iyo.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu muri Australia Greg Hunt yavuze ko iyo ngingo izofasha n'abagwayi bo muri ico gihugu.

Ico gihugu cemeje gukoresha urumogi nk'umuti mu mwaka wa 2016

I California batoye itegeko ryemera kunywa urumogi

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Urumogi rurimwa n'abasirikare mu Butaliyano, rugurishwa mu mategeko muri za farumasi

Kunywa urumogi nko kwinezereza, biracabujijwe.

"Intumbero yacu iragaragara: Abarimyi n'abafise amahinguriro b'abanye Australia bazoronka akaryo keza ko kuba aba mbere mu kudandaza urumogi rukoreshwa muvyo amagara y'abantu kw'isi," ni ko Hunt yavuze.

Amahera azova mu rudandazwa rw'urumogi kw'isi azoba agera ku miriyaridi 55 z'amadolari gushika mu 2025, nk'uko vyaharuwe n'ikompanyi yo muri Amerika ya Grand View Research.

Mu ntango y'iyi ndwi, intara ya California yo muri Amerika, yabaye intara ya mbere nini irekuye ko abantu bashobora kunywa urumogi mu ntumbero yo kwinezereza.