HCR iratabariza impunzi z'Abarundi 430.000 bakeneye imfashanyo.
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

HCR iratabariza impunzi z'Abarundi 430.000 bakeneye imfashanyo

Ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi ku isi, HCR, riratabariza impunzi z'Abarundi 430.000 bakeneye imfashanyo.

HCR yateye akamo i Geneve mu Busuwisi, ivuga ko ikeneye imfashanyo igera kuri miriyoni 391 agenewe izo mpunzi ziri mu bihugu bibanyi vy'Uburundi muri uyu mwaka.

HCR ivuga ko muri ayo imaze kubona ibice 0,21% gusa, mu gihe yiteze izindi mpunzi zigera ku 50. 000 muri uyu mwaka nyene.

BBC Gahuzamiryango yavuganye na Babar Balosh umuvugizi wa HCR i Geneve, nimba ico kibazo co guheranirwa n'imfashanyo bagifise ku Burundi gusa.