Abashatse gutembagaza ubutegetsi Burkina Faso barengutse

Generale Gilbert Diendere Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Generale Gilbert Diendere, yari arongoye igikorwa co gutembagaza ubutegetsi, ari mu barengutse uno munsi

Abantu bashika 80 bagirizwa gushaka gutembagaza leta ya Burkina Faso mu 2015 barengutse imbere ya sentare ku murwa mukuru w'ico gihugu, Ougadougou.

Bagirizwa ivyaha birimwo kugambanira igihugu, ubwicanyi hamwe no guhungabanya inzego z'umutekano z'igihugu.

Igitero cahitanye 18 muri Burkina Faso

Abasirikare 11 bishwe n'abarwanyi muri Burkina Faso

Uwahoze ari umugaba w'inteko zirinda umukuru w'igihugu, Generale Gilbert Diendere, ari muri abo barengutse.

Image caption Abaharanira agateka k'abahasize ubuzima bagize imyiyerekano

Yakorana vya hafi n'uwari umukuru w'igihugu, Blaise Compaore, yatanze imihoho nyuma y'imigumuko yo kumwiyamiriza mu 2014.

Abantu bashika cumi na batanu barahasize ubuzima abandi barenga amajana abiri barakomereka, igihe haba iryo gerageza ryo gutembagaza ubutegetsi.

Ibindi bisa n’ibi