Ubutaliyano mu mayira abiri inyuma y'amatora

Italy Uwufise ububasha kw’isanamu Alamy
Image caption Umukuru wa Lega Matteo Salvini n'uwa Five Star Luigi Di Maio, bompi bifuza gutwara Ubutaliyano

Inyuma y'amatora yabaye ejo mu Butaliyano, imigambwe itagendera ku murongo imigambwe nyamwinshi yo muri ico gihugu igenderako, yatanze ivyifuzo bigomba kwisungwa mu kuyobora igihugu.

Umukuru w'umugambwe FIVE STAR MOVEMENT, yaronse amajwi menshi, yashimye ivyayuye muri ayo matora.

Yavuze ko bishingiye ku kuri kubarizwa muri ico gihugu kino gihe.

Uwundi mugambwe utemera abimukira, wemeza ko wabonye amajwi awuha ububasha bwo kuyobora igihugu.

Iyo migambwe yompi ifise urunani rukomeye.

Nta ruhande rwabonye amajwi y'ubwiganze, ivyo bigatuma Ubutaliyano bushobora kumara igihe kirekire buri mu biganiro vyo gushinga leta ihuriwemwo n'imigambwe myinshi.

Ikigo c'itangazamakuru gikomeye muri ico gihugu, kivuga ko uwigeze kuba umushikiranmganji wa mbere Matteo Renzi akaba ari we ayoboye umugambwe Democratic party, ashobora gutanga imihoho.