Imisa yo gusabira abiciwe i Trèbes mu Bufaransa

Abaje kwunamira umujandarume yaguye mu bwicanyi bwa Trèbes Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abaje kwunamira umujandarume yaguye mu bwicanyi bwa Trèbes

Uno munsi hatunganijwe imisa yo gusabira abantu bane bishwe n'intagondwa y'umu Islamu i Trèbes mu bumanuko bw'Ubufaransa ku munsi wa Gatanu.

Lt-Col Arnaud Beltrame, yapfuye ariko aratabara abagizwe ingwati mu mangazini, azogirigwa ibirori vyo kumusezera mu minsi iza.

Yarakejwe nk'incungu amaze kwitanga agasubira mu kibanza c'uwari yagizwe imbohe.

Nico gitero ca mbere c'umujihadiste ku burongozi bwa Emmanuel Macron.

Uwo mugabo w'imyaka 25, Redouane Lakdim, yari ku rutonde rw'intagondwa ruri mu butegetsi, amakuru y'iperereza akaba yavuga ko ata kibi yokoze.

Yishwe n'umupolisi.

Lakdim, yavuze ko ari umuyoboke wa leta y'iki Islamu, ngo yari yasavye irekugwa rya Salah Abdeslam, intagondwa igisigaye mu bikekwa mu gitero c'i Paris kw'itariki 13 Ukwezi kwa 11, 2015 cahitanye abantu 130.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abaje mu misa yo gusabira abapfuye kw'isengero ya Trèbes ku munsi wa Mungu

Musenyeri wa Carcassonne na Narbonne ariko asomera imisa mw'isengero ya Saint-Etienne i Trèbes.

Ico gitero caratunguye ico gisagara kibamwo abantu 5000, amashugwe akaba yashizwe imbere y'imangazini ubwo bwicanyi bwabereyeko.

Ibindi bisa n’ibi