Yahagaritswe azira guterera hasi umwana wiwe ahagaze hejuru ku nzu

Uwo mwana yari yamutwaye nyina wiwe asanzwe amureze Uwufise ububasha kw’isanamu South African Police service Facebook
Image caption Uwo mwana yari yamutwaye nyina wiwe asanzwe amureze

Umuntu umwe wo muri Afrika y'epfo yatwariwe muri sentare yagirizwa gufata nabi umwana wiwe inyuma yo kujugunya umwana wiwe w'umwigeme w'umwaka umwe ahagaze hejuru ku nzu yiwe mu ndwi iheze.

Yagirizwa ugushaka kwica, nk'uko bivugwa n'umumenyeshamakuru w'ikinyamakuru ca eNCA yanditse ubutumwa kuri Twitter.

Uwo muntu w'imyaka 38 yafahwe kuri video ariko arajugunya uwo mwana igihe hariko haraba imyiyerekano yo kwiyamiriza isamburwa ry'amazi mu nkengera y'igisagara ca Port Elizabeth.

Ikinyamakuru kimwe co muri ako karere cashize ifoto Twitter iriko umupolisi yamusamye.

Abapolisi bariko barasambura utuzu two kudandarizamwo 150 mu kigwati ca Joe Slovo bavuga ko twubatswe mu kibanza kibamwo abantu hadakurikijwe amategeko.

Uwo muntu inzu yiwe itari bwasamburwe, yafashijwe kwurira kuri iyo nzu n'umuntu w'umupfasoni bivugwa ko yoba yari umugore wiwe.

Yamaze iminota itanu hejuru kuri iyo nzu imbere y'uko amujugunya mu gihe abandi baba muri ako gace bariko bakoma induru" mujugunye, mujugunye, mujugunye" nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru ca Herald.