Amasezerano ku bimukira hagati ya EU na Turkia

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Benshi mu bimukira bashitse I Buraya baciye mw'ibahari, aho bamwe bagiye bararokorwa bagira batwarwe.

Abategetsi b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, barahura kugira bagerageze guheraheza amasezerano n'igihugu ca Turkia yo gutorera inyishu ikibazo c'abimukira.

Umukuru w'anama k'iryo shirahamwe, Donald Tusk aremera "urutonde rw'ibintu" mu nzira yo y'uwo mwumvikano n'ubu utaratora inyishu.

Umushikiranganji wa mbere wa Turkia, Ahmet Davutoglu, azoshika muri iyo nama ku wa gatanu.

Ayo masezerano ashirwa imbere ashobora gutuma abimukira bose baja mu Bugiliki baciye muri Turkia basubizwa inyuma.

Ku munye Syria umwe asubijwe inyuma, iyindi mpunzi ivuye muri Turkia ishobora kuronka uburenganzira bwo kuba muri EU.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi vy'abimukira barinjiye I Buraya baciye I Macedoine mu mwaka uheze, bagana mu buraruko, benshi muri bo bakaba bashika bacitse kw'icumu mu kujabuka ibahari bava muri Turkia.