Umugabo umwe atagira aho aba yaronse agahembo ka 100,000$

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Chapman yari yabonye amafoto yabo kuri television

Umugabo umwe atagira aho akika umusaya mu gisagara ca San Francisco, mu ntara ya California, mu gihugu ca Amerika, yahawe agahembo ka 100,000$, kubera yafashije igipolisi gufata abanyororo bari batorotse ibohero.

Matthew Hay-Chapman yabonye amafoto y'abo banyororo batorotse kuri television, arashobora kubamenya bari mu mudoka bari bivye.

Babiri muri bo bari batorotse ibohero rya Orange County haheze imisi itandatu, kandi bariko bararonderwa cane.

Ako gashimwe kangana kose hamwe na 150,000$ kazohabwa abantu bane, ariko Hay Chapman ni we azoronka menshi.

Abakozi babiri b'iduka ryo kuranguza rya Target, bazoronka 15,000 umwe wese, kubera babimenyesheje igipolisi, inyuma yo kubona abo bagabo babiri biketse kuri camera bakoresha mu gucungera umutekano.

Umugabo umwe aba I Los Angeles yibwe imodoka yiwe na babiri muri abo banyororo, na we azoronka 20,000$.

Hay-Chaoman yabonye abo banyororo batorotse bari mu modoka iruhande y'iyo duka imwe mu gisagara ca San Francisco, aca abibwira abajejwe umutekano bo muri ako karere.

Abo banyororo, Hussein Nayeri na Jonathan Tieu, bafise bafatwa inyuma y'umwanya muto.