Buhinde bane batawe muri yompi.

umugore yarongoye umugabo wo mu bwoko butabukana
Image caption Yatemwe ahorwa kunenana

Mu Buhinde hari abantu bane batawe muri yompi bazira ko bafitanye isano n'iyicwa ry'umugabo yazize ko yarongoye umuntu wo mu bwoko bubujijwe.

V. Sankar, umuntu wo mu bwoko bw'aba 'Dalit' bufatwa nk'ubwavumwe, yarishwe atemwe ku munsi w'Imana.

Umugore wiwe nawe yarakomeretse cane akaba ariko aravurwa mu bitaro.

Abo bane bapfunzwe n'abagenzi ba se w'umugore, nawe ubwiwe yamaze gutabwa muri yompi.