Mama Tereza azogirwa umweranda

Mama Tereza mu nzira yo kugirwa umweranda Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Mama Tereza

Umukuru wa Ekleziya Katolika, Papa Francis, yatangaje ko Mama Tereza azogirwa umutagatifu mu kwezi kw'icenda muri uyu mwaka.

Ibirori vyo kumugira umutagatifu bizoba itariki 4 uko kwezi kw'icenda.

Inzira yo kumugira umweranda yuguruwe mu kwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka uheze,.

Aho hari nyuma y'aho ubutegetsi bwa Vatican bwemereye igitangaro kigira kabiri Mama Tereza yakoze.

Ico gitangaro cabaye ku mupfasoni wo muri Brezil yakijije ingwara ya Cancer yo mu bwonko.

Mama Tereza yarahawe agashimwe kitiriwe Nobel kubera ibikorwa yakoreye abantu bakenye cane mi mitumba yo mu ntara ya Kalkita mu Buhinde.

Mama Tereza yitavye Imana mu mwaka wa 1997.

Ibindi bisa n’ibi