Igitero gihitanye abantu 22 mu musigiti muri Nigeria

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igitero c'abiyahuzi kibaye mu musigiti mu gisagara ca Maiduguri

Umwiyahuzi yishe abantu bari baje gusenga 22 mu musigiti umwe mu nkengera y'igisagara co mu buraruko bushira uburengero ca Maiduguri mu gihugu ca Nigeria, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AP.

Umwiyahuzi wa mbere yiturikirije mu musigiti, mu gihe uwa kabiri yiturikirije hanze, mu gihe abari bacitse kw'icumu bariko baragerageza kunyaga amagara.nk'uko ababibonye babibwiye BBC.

Abandi bantu 17 bakomerekeye muri ico gitero nk'uko umwe mu bategetsi babibwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.

Abarwanyi ba Boko Haram bagumye batera ico gisagara mu bitero vyabo bimaze imyaka 17.