Uwiciwe mw’isakwa I Bruxelles yamenyekanye

Ababibonye bavuga ko habaye ukurasana ku wa kabiri ku mugoroba Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ababibonye bavuga ko habaye ukurasana ku wa kabiri ku mugoroba

Uwikekwa ko yitwaje iterabwoba yiciwe mu gitero mu micungararo y'igisagara ca Bruxelles ku musi wa kabiri, yamenyekanye ko ari umunye Algeria Mohamed Belkaid, nk'uko abategetsi bavuga.

Yishwe n'abajejwe umutekano binyegeje igihe yariko aragerageza kurasa abapolisi acishije mw'idirisha y'inzu iri I Forest.

Abajejwe umutekano benshi bakomerekeye muri ico gitero. Igipolisi kiracarondera abandi bantu babiri bari muri iyo nzu.

Ico gitero gifitaniye isano n'amatohoza ku bitero vy'abagize ibitero I Paris vyahitanye abantu 130 mu kwezi kwa cumin na rimwe umwaka uheze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Inzira zica mu micungararo y'iyo nyubakwa yari azibiye

Umugwi wiyita Islamic State(IS) uvuga ko ari wo wakoze ivyo bitero.

Inkuru zitangwa n'umuvugizi w'umushikirizamanza, ibendera rya IS ryatowe muri iyo nzu yasatswe ku wa kabiri, hamwe n'ibitabo vy'abasalafiste, n'amasase ya Kalashinikov.

Uwo muvugizi yabwiye abamenyeshamakuru ko Belkaid yavutse mu 1980, kandi ko yaba mu Bubiligi bidaciye mu mategeko.

Ntiyarazwi n'abategetsi uretse rimwe gusa yafashwe yivye.

Igipolisi cagiye gusaka inzu iri I Forest ku musi wa kabiri ku mugoroba.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Habaye ukwiruhutsa kubahaba, bakuye abana mu mashure no mu bibanza bakiniramwo mu mutekano

Bacincira gusa, baciye baraswa n'abantu babiri nk'uko bivugwa n'uwo muvugizi.

Igihe Belkaid yari ahejeje kwicwa, abandi bantu babiri bari kumwe barashoboye guhunga, ubu bakaba bariko bararonderwa n'igipolisi.

Uwo muvugizi yavuze ko babandanije gusaka mu micungararo y'iyo nzu, harafatwa ibindi birwanisho.

Yavuze kandi ko igipolisi kiriko kiragerageza kuraba ko abantu babiri cafashe boba bafitaniye isano n'ivyabereye I Forest.

Umwe muri bo, ni umugabo bari bazanye kwa muganga I Halle ku wa kabiri ku mugoroba, asaba ko bamuvura ukuguru kwavunitse.

Uwari amuherekeje yaciye ahunga akibona igipolisi.

Uwundi muntu umwe apfungiwe ahantu I Forest.