Inzira nziza yo guheba kunywa itabi

Abahagaritse kunywa itabi bukwi na bukwi bafirafise amahigwe yo guca bariheba burundu
Image caption Abahagaritse kunywa itabi bukwi na bukwi bafirafise amahigwe yo guca bariheba burundu

Ubushakashatsi bwa vuba cane bwerekana ko inzira nziza cane yo guheba kunywa itabi, ari uguheba uhebeyeko.

Ubwo bushakashatsi bwanditswe mu kinyamakuru c'ubuvuzi ca Annals of Internal Medecine buvuga abahevye itabi bahebeyeko basanze bafise ubushobozi ku bice 25% bwo kudasubira kunywa itabi igihe kirenga igice c'umwaka bahevye, ugereranije n'abagiye baraheba itabi buhorobuhoro.

Igisata kijejwe amagara y'abantu mu gihugu c'Ubwongereza kivuga ko inzira nziza kurusha izindi yo kureka kunywa itabi, ari ukugena umusi ntabanduka uzohagarikirako.

Shira imbere ico wiyemeje, tegura umusi uzohagarikirako kandi uwo musi nyene ubikore, ico gisata ni ko gihanura.

Ubwo bushakashatsi bushasha bwafashwe mu mugongo na British Heart Foundation bwagizwemwo uruhara n'abantu 700 ku gushaka kwabo.

Image caption Itabi ni kimwe mu bintu bitera ingwara ya cancer

Bashizwe mu migwi ibiri, umugwi umwe wo guhagarika kunywa itabi ubwo nyene, uwundi guheba buhoro buhoro.

Inyuma y'amezi atandatu, ni ibice 15.5% bagiye baraheba kunywa itabi buhoro buhoro, batari bwasubire kurinywa ugereranije n'ibice 22% bo mu mugwi w'abahagaritse bahagaritse ubwo nyene.

Uwurongoye abagize ubwo bushakashatsi, Dr Nicola Lindson-Hawley, wo muri kaminuza ya Oxford yavuze ko:"Ubudasa bwabonetse ni nk'uko biva ku kugira ingorane kw'abantu mu gushaka lkugabanya kunywa itabi. Ibi vyatumye badira utwigoro, twatumye baca baheba bahebeyeko kunywa itabo"

N'aho benshi mu bagiye muri ubwo bushakashatsi bavuze ko bari kunezerwa bikunze ko baheba gose kunywa itabi, abashoboye guheba gose ni abari bahagaritse bukwi na bukwi.

Dr Lindson-Hawley avuga kandi ko ari vyiza kugabanya ukunywa itabi hakudafata ingingo n'imwe.

Abagiye muri ubwo bushakashatsi bose barahawe impanuro hamwe n'ibintu vyobafasha guhangana n'ibintu bibabuza guhagarika kunywa itabi.