Mantashe: Afrika y'epfo gishobora kuba ico ubusuma buhanitse

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Kuva aja kubutegetsi prezida Zuma yamye avugwako ibiturire

Igihugu ca Afrika y'epf gihakwa kuba "igihugu c'ubusuma bukabije" nk'uko bivugwa n'umwe mu bategetsi b'umugambwe uri ku butegetsi, mu gihe prezida Jacob Zuma aguma yikekwa ku bucuti bafitaniye n'umuryango utunze canw.

Gwede Mantashe yavuze ivyo inyuma y'aho icegera c'umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta, Mcebesi Jonas avugiye ko umuryango wa Gupta wamufashije mufashije mu kuronka amabanga ahambaye muri reta.

Uwo muryango warahakanye ivyo bivugwa.

Vyitezwe uko umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta abaza ibibazo bikomeye prezida Zuma kuri ivyo bivugwa mu nama nshingamateka.

Mantashe ni we mutegetsi agira gatatu mu mugambwe uri ku butegetsi wa African National Congress(ANC), kandi ivyo yavuze bisigura ko Zuma ashobora gutakaza icizere ku bategetsi bakuru b'uwo mugambwe, nk'uko bivugwa n'abamenyeshamakuru.

Ubutegetsi bwa Zuma bamye buvugwamwo igiturire, ka mpinga yanje n'ubushobozi buke, mu gihe igihugu kiri mu bihe bitoroshe vy'ubutunzi.

Ibintu vyagiye kunyuka ku wa gatatu, aho Jonas avugiye ko abagize umuryango wa Gupta "bakinisha democratie twaronse twiyushe akuya" mu kumwemerera kumushira mu kibanza c'umushikiranganji mu mwaka uheze.

Mu kiganiro na Bloomberg, umunyamabanga mukuru wa ANC, Mantashe, yavuze :"Dutegerezwa gutorera inyishu ibi bintu; bizotujana mu gihugu c'ubusuma buhanitse mu gihe vyobandanya."

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mcebisi Jonas(mu buryo) n'umushikiranganji ajejwe ubutunzi Pravin Goldhan(mu bubamfu)

Yasubiwemwo n'itororokanirizo ry'amakuru, Reuters, avuga ko ata muntu n'umwe, harimwo na Zuma, "adashobora gukorwako".

Ariko umushikiranganji ajejwe inkino, Fikile Mbalula yavuze ko igihugu "kidatwarwa na Gupta", abavuga ivyo ko bobitangira ivyemezo.