Korea ya ruguru yagerageje ibindi bisase vy'ubumara

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukuru wa Korea ya ruguru yategetse ko hongerezwa igeragezwa ry'ibirwanisho vy'ubumara na missile mu misi iheze

Abategetsi ba Amerika bavuze ko missiles zidashika kure, zatewe ziva mu buseruko, zigenda mu kirere ibirometero 800, imbere y'uko zigwa mu mazi.

Amerika yahamagariye Korea ya ruguru kureka ako gasomborotso kwongereza imishamirano.

Bibaye mu gihe haciye umusi umwe gusa prezida wa Amerika Barack Obama afatiye ico gihugu ibindi bihano, kubera igerageza ridaciye mu mategeko ry'ibirwanisho vy'ubumara n'ibigendajuru.

Yatanze itegeko ryo gufata imitungo yose ya reta ya Korea iri muri Amerika.

Ivyo bihano kandi bibuza Amerika gushorera ibintu muri Korea canke kujana imitahe muri Korea, no gufatira ibihano uwo wese n'aho yoba atari umunyamerika, yokora urudandazwa n'ico gihugu.

Igeragezwa ry'ibirwanisho vy'ubumara ryo ku wa 6 ukwezi kwa mbere no ku wa 7 ukwezi kwa kabiri, ryarenze ku bihano Onu yari yarafatiye ico gihugu, mu kugerageza missile.

Abategetsi bo kwivuna abansi muri Amerika bavuga ko bakurikiranye ibisasu bibiri bisa na Rodong, vyatewe n'imodoka ziguma zigenda.

Missile ya Rodong ishobora kugira ibirometero 1,300, iyo missile ishobora kugira ubushobozi bwo gushikira ibihugu vya Korea y'epfo n'igice c'Ubuyapani.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukuru wa Korea ya ruguru yategetse ko hongerezwa igeragezwa ry'ibirwanisho vy'ubumara na missile mu misi iheze

Korea ya ruguru yaheruka kugerageza missile ya Rodong mu kwezi kwa gatatu mu 2014.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Shinzo Abe yateye ivyatsi iryo gerageza avuga ko reta yiwe ishobora gukorana na Amerika na Korea y'epfo, mu gutaga inyishu bumvikanyeko.

Lt Col Michelle Baldanza, wo mu biro bijejwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi yavuze:" Duhamagariye Korea ya ruguru guhagarika ivyo bikorwa vyongereza imishamirano mu karere."

Mu gihe hari iyo mishamirano, Korea ya ruguru yaciriye urubanza umunyeshure w'umunyamerika gupfungwa imyaka 15, no gukora ibikorwa biruhisha ku musi wa gatatu, yagirizwa ivyaha yakoreye reta y'ico gihugu.