Musharraf yarekuriwe kuja kwivuza I Dubai

Pervez Musharraf
Image caption Pervez Musharraf

Uwahoze ari umukuru w'igihugu n'umukuru wa gisirikare mu gihugu ca Pakistan, Pervez Musharaf, yashitse mu gisagara ca Dubai kwivuza inyuma y'aho reta ikuriyeho igihano co kumubuza gusohoka igihugu cari cashizweho mu mwaka wa 2013.

Musharaf yagirizwa ibintu vyinshi harimwo kurenga kw'ibiwirizwa shingiro, no gutangaza ibihe bidasanzwe mu 2007.

Yavuye ku butegetsi umwaka umwe inyuma y'aho ubutegetsi bwiwe buhanganiye bikomeye n'abatavuga rumwe na reta.

Umumenyeshamakuru wa BBC avuga ko gukurwako igihano nk'ico atari inkuru nziza ku mushikiranganji wa mbere Naawaz Sharif, yarahiye akarengwa ko ategerezwa kurihisha Musharraf ibintu vyose yagiye arakora atisunze amategeko.