Hun sen arahakana kugura "likes" kuri Facebook

Umushikiranganji wa mbere wa Cambodge Hun Sen Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Cambodge Hun Sen

Umushikiranganji wa mbere wa Cambodge yarahiye ararengwa ko ataguze "likes" zitari zo ku rubuga rwiwe rwa facebook, inyuma y'uko umuyobozi w'abatavuga rumwe na we amwagiririje ko ashaka kwongereza ukumenyekana kwiwe.

Hun Sen w'imyaka 63, yiyita umuhinga muri technologie, yandika kenshi na kenshi ku buzima bwiwe kuri urwo rubuga rwiwe.

Ku rubuga rwiwe yatanguje mu kwezi kw'icenda rufise "likes" imiliyoni 3.2.

Mu ndwi iheze, vyaravuzwe ko "likes" ziwe nyinshi ziva bantu bo mu bindi bihugu.

"likes" nyinshi ziva mu bihugu vy'Ubuhindi (255,692), mu gihe izindi zishika (98,256) ziva muri Filippine, (46,368) mu gihugu ca Myanmar na (46,368) zo mu gihugu ca Indonesie no mutundi duce.

"Narakunzwe n'abanyagihugu b'Ubuhinde".

Mu gihe hari uguhiganwa bikomeye, Hun Sen n'umukuru w'abatavuga rumwe na reta yiwe, Sam Rainsy aba hanze y'igihugu, barahiganwa cane ku mbuga ngurukanabumenyi.

Bose bafise icizere co kurushanya igitigiri c'abazotora, aho mu mwaka 2013, batoye Rainsy w'umugambwe wa Cambodia National Rescue (CNRP), mu matora bavugako yabayemwo ubusuma.