Indege yahitanye 62 mu Burusiya

Indege yaguye irimwo abantu 62 Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Indege yaguye irimwo abantu 62

Indege yarimwo ingenzi 55 n'abajejwe gukora muri yo 7, yaguye iriko igeregeza kumanuka hasi mu gisagara ca Rostov-on-Don kiri mu bumanuko bw'Uburusiya

Abenshi mu bari muri iyo ndege ni Abarusiya.

Amakuru aturuka yo avuga ko iyo ndege yo mu bwoko bwa Boeing 737 yari ivuye Dubai yari yageregeje ubwa mbere kumanuka, ariko irabiheba kubera ikirere kitari kimeze neza.

Yagiye kugerageza kumanuka ubwa kabiri, imaze kuzunguruka ikiringo kirenga amasaha abiri, niho yaseka hasi, irashwanyagurika, ifatwa n'umuriro.

Abajejwe itohoza mu Burusiya bariko bagerageza kuraba nimba ata kibazo c'ubuhinga yari ifise, canke ko atari ikosa ry'umudereva mu gihe hari hasanzwe hari ikirere kitameze neza.