Salah Abdeslam azokwitaba mu Bufaransa
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Salah Abdeslam azokwitaba mu Bufaransa

Umushingwamanza wa salah Abdeslam, ayaraye afashwe ejo i Bruxelles, aremeza ko uwo aburanira yameneyshejwe icaha, kandi ko ariko aragamburukira abategetsi b' Ububirigi.

Umushikiranganji w' ointwaro yo hagati w' Ubufaransa Bernard Cazeneuve, yavuze ko ifatwa rya Salah Abdeslam ari nk'akaga kuri ku bayoboke ba IS ku mugabane wa Bulaya.

Abajejwe umuteknao bizeye ko ahishura amabanga akomeye yerekeye igisenge z'abakora iterabwoba.

Igipolisi mpuzamakungu interpol casavye ibihugu vya Bulaya kuguma birikanuye cane cane ku mipaka, kuko ngo abagenzi ba Salah Abdeslam bashobora kugerageza guhunga.