Prezida Obama bishuranye na Raul Castro wa Cuba

Barack Obama and Raul Castro Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Obama na Castro bishuranye ku bibazo vy’agateka ka zina muntu

Prezida Barack Obama na prezida Raul Castro bishuranye kuvyerekeye agateka ka zina muntu no ku bihano vy'ubudandaji Amerika yafatiye Cuba.

Obama yasavye Cuba kubandanya guhindura politike n'agateka ka zina muntu ni baba bashaka ko hasubizwa itoto imigenderanire imaze imyaka myinshi imeze nabi.

Ariko Castro na we yagirije Amerika ko yiyorobeka.

Yasavye ko ico gihugu cobakurako ibihano vy'ubudandaji cabafatiye, no gusubiza izinga rya Guantanamo.

Amerika yubatse ibohero ryo gupfunga abagirizwa iterabwoba mu kibanza ca Guantanamo Bay.

Ku musi ugira kabiri w'urugendo rutazibagiranwa mu gihugu ca Cuba, prezida Obama yavuze ko ugukurwako ivyo bihano vy'ubutunzi kuri ico gihugu, bizovana n'ingene hazihutishwa gutorera inyishu ivyo batabona kumwe, cane cane kubiraba agateka ka zina muntu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amerika iriko iranagura imigenderanire bafitaniye n'igihugu ca Cuba

bama yavuze ko atabona ko Cuba ibangamiye igihugu ca Amerika kandi ko urugendo rwiwe muri ico gihugu rufise intumbero yo gutangura bushasha imigenderanire hagati y'ivyo bihugu bibiri.

Prezida Obama, inyuma y'ibiganiro vyabereye mu gisagara ca Havana na mugenzi we Raul Castro, yavuze ko ukudaharanira agateka ka zina muntu mu gihugu ca Cuba, ari ikintu kizomugora kugira agondoze inama nshingamateka na nkenguzamateka ngo bahagarike ibihano vyafatiwe ico gihugu.