FBI ishobora kwugurura telefone yakoreshwa n’umwicanyi Farouk

Syed Rizwan Farouk, yarashe abantu I San Bernardino Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Syed Rizwan Farouk, yarashe abantu I San Bernardino

Igisata c'ubutungane muri Amerika cavuze ko bishoboka ko iperereza rya FBI ryoba ryatoye uburyo bwo kugurura telefone ngendanwa y'umwicanyi yarashe abantu mu karere ka San Bernardino, Syed Rizwan Farook.

Ico gisata cabwiye sentare ko yoba iratenyenya kwuburanisha urubanza ruri hagati y'ico gisata n'ishirahamwe rikora telefone, Apple.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Telefone ya Iphone

Ico gisata cari casavye sentare ko yotegeka Apple kwugurura iyo telefone ya Farouk, yagirizwa be n'umugore wiwe kugira igitero bakoresheje inkoho, cahitanye abantu 14 mu ntara ya California, mu kwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka uheze.