Urubanza rwa Besigye rwungururijwe muri sentare nkuru

Uwuburanira Besigye
Image caption Uwuburanira Besigye

Igipolisi co muri Uganda catanye mu mitwe n'abatavuga rumwe na reta mu gatondo ka kare ku musi wa kabiri, inyuma y'aho hadafatiwe ingingo iraba ugupfungirwa icamaso muhira kwa Kizza Besigye.

Abashigikiye Besigye barundanye hanze ya sentare mu gisagara ca Kampala mu gitondo ca kare uyu musi.

Image caption Abajejwe umutekano bariko barashika gushwiragiza abatavuga rumwe na reta

Bari barindiriye ingingo ifatwa muri urwo rubanza rwashikirijwe n'abamuburanira bivuye kuvyasabwe n'uwurongiye abashikirizamanza.

Image caption Abatavuga rumwe na reta bariko baraterana amajambo n'igipolisi

Hanze ya sentare, uwuburanira Besigye, David Mpanga, yavuze ko uko dossier yiwe yasubijwe inyuma yihuta biteye amadidane.

Abamushigikiye barahiye bararengwa ko baca baja aho Besigye aba imbere y'uko igipolisi kirungikwayo.