Lt Col Darius Ikurakure yagandaguwe

Lt Colonel Darius Ikurakure
Image caption Lt Colonel Darius Ikurakure

Lt Col Ikurakure Darius yagandaguriwe ku biro bikuru vya gisirikare i Bujumbura.

Lt Col Ikurakure, uretse gutwara ikambi ya Genie de combat, ni we yari ajejwe umutekano mu karere ko mu buraruko bwa Bujumbura, ahari amazone ya Mutakura, Cibitoke na Ngagara, ahafatiwe abitwaje ibirwanisho benshi n'ibirwanisho muri iyi misi iheze.

Uwo musirikare yaravuzwe cane mu bikorwa vyo guhagarika abantu muri ako karere ko mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura, habayemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu.

Itangazo ryasohowe ku wa kabiri ku mugoroba, umukuru w'ibiro bikuru vy'igisirikare c'Uburundi General Major Prime Niyongabo avuga ko Lieutenant Colonel Darius Ikurakure yagandaguwe ''n'umwicanyi yari yambaye ivyambagarwa vy'igisirikare c'Uburundi FDN''.

Iryo tangazo rivuga ko iryo bara ryaguye mu gihe abasirikare bakorera muri ivyo biro no mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bariko barataha mu karuhuko ko ku musase uko bisanzwe.

Itangazo ribandanya rivuga ko ''uwo mwicanyi yaciye ahunga agenda yikinga inyubakwa z'ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore''.

Ngo yataye inkoho yakoresheje muri ubwo bwicanyi.

Amatohoza ''akaba ariko arakorwa'' kugira uwo muntu amenyekane neza.

Ibiro bikuru vya gisirilkare birahoza umuryango wa Colonel Ikurakure, bigasaba abasirkare ''bose aho bari kuguma bafatanye munda kandi bakirinda ababacanishamwo mu ntumbero yo gusambura igisirikare c'Uburundi''