Prezida Obama arabonana n'abarwanya reta muri Cuba

Prezida Obama na Castro Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Prezida Obama na Castro bariko baragenzura ingabo

Prezida wa Amerika Barack Obama aza kurangiza urugendo rwiwe abonanye n'abatavuga rumwe na reta mu gihugu ca Cuba.

Mu nyuma araza gushikiriza ijambo kuri television.

Yashize imbere ibibazo vy'agateka ka zina muntu no guhindura politike, aho yavuze ko arivyo bintu bikomeye bashimikiyeko mu biganiro yagiriraniye n'abategetsi ba Cuba.

Mu kiganiro n'abameyeshamakuru yabwiye prezida Raul Castro ko, imigenderanire hagati y'ivyo bihugu bibiri izogenda neza igihe abanyagihugu ba Cuba bazoba bishira bakizana.

Muri ico kiganiro n'abamenyeshamakuru ku musi wa mbere, bavuze ko bashaka gufashanya ku bibazo bikomeye biraba ivyo bihugu kwari bibiri.

Prezida Obama araza kurorera urukino rudasanzwe rwa baseball ruza kuba hagati y'umugwi w'igihugu wa Cuba hamwe n'umugwi wa Tampa Bay Rays.

Obama abaye umukuru w'igihugu wa mbere wa Amerika agendeye Cuba akiri ku butegetsi mu myaka 88 iheze.