Abarenga 30 bishwe n’ibisasu vyaturikiye i Buruseli mu Bubirigi

Ku kibuga c'indege Zaventem Uwufise ububasha kw’isanamu Peter Dejong
Image caption Ku kibuga c'indege Zaventem

Ibitero bitatu vy'ibisasu ku murwa mukuru w'Ububirigi, Bruxelles, vyahitanye abantu barenga mirongo itatu, bikomeretsa abaharurirwa muri mirongo, benshi muri bo bakaba bababaye cane.

Ibisasu bibiri vyaturikiye ku kibuga c'indege Zaventem, gihitana abantu cumi na bane, kimwe muri vyo kigashobora kuba caturikijwe n'umwiyahuzi.

Haciye isaha imwe igindi gisasu caturikiye ku gituro ca gari ya moshi yo mu kuzimu, gihitana abantu bashika mirongo ibiri.

Urubuga internet rukorana n'abarwanyi b'umugwi wiyita leta ya Islam, rwatangaje ko aribo bagavye ivyo bitero.

Hagati aho umushikiranganji wa mbere w'u Bubirigi, Charles Michel, yahojeje ababuze, aca anibutsa igihugu ko kiri mu bihe bigoye, asaba abanyagihugu gushira hamwe.

Ubufaransa nabwe buheruka amahano asa nk'ayo mu mpera z'umwaka uheze, bukaba kandi ari igihugu kibanyi ca hafi n'Ububirigi, cabaye mu bambere baremesheje Ababirigi.

Umukuru w'igihugu Francois Hollande yavuze ko iki kibazo kiraba isi yose.

Ivyo bishitse inyuma y'imisi ine gusa, hafashwe umuntu yaronderwa cane yagiriza gutegura ibitero vy'I Paris vyo mu mwaka uheze, vyahitanye abantu 130.

Abdeslam yafashwe ku wa gatanu mu karere kamwe ka Bruxelles.