Babiri mu bagize ibitero I Bruxelles baravukana

Camera zerekanye abikekwa kugira ivyo bitero batatu binjira ku kibuga c'indege Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Camera zerekanye abikekwa kugira ivyo bitero batatu binjira ku kibuga c'indege

Abakoze ibitero vy'ubwiyahuzi babiri biturikirijeko bombe ku kibuga c'indege ca Bruxelles ku musi wa kabiri, basanze ari abavukanyi babiri, Khalid na Brahim el-Bakraoui.

Television ya RTBF yavuze ko abo babiri bavukana bamenyekanye ata ngorane mu gipolisi.

Umugabo agira gatatu yabonetse kuri video za camera z'inyegeje zo ku kibuga c'indege, ari kumwe n'abo babiri aracaronderwa.

Ivyaturitse bibiri vyabereye ku kibuga c'indege ikindi aho igariyamoshi zihagarara, vyose bihitana abantu 34, binakomeretsa abandi 250.

Ububiligi bwatanguye ikigandaro c'imisi itatu.

RTBF yavuze bamenyekanye mu gipolisi, kandi ko bari bazwi ko bakora ibikorwa bibi ariko ntibigeze bibaza ko boba bafitaniye isano n'iterabwoba.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption kibuga c'indege ca Zaventem kiracugaye

Iyo television yavuze ko Khalid el-Bakraoui yakoresheje izina ritari ryo mu gukotesha inzu mu karere ka Forest mu gisagara ca Bruxelles aho igipolisi ciciye umuntu yari afise inkoho mu ndwi iheze.

Hariko haraba umusako aho basanze ibimenyetso vy'intoke za Salah Abdeslam, uwuza imbere mu bagirizwa ibitero vyabaye I Paris itariki 13 mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Abdeslam yafashwe n'abajejwe umutekano ku musi wa gatanu.