Prezida Obama yasavye Castro kudatinya Amerika

Prezida Obama yamaze muri Cuba imisi itatu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Obama yamaze muri Cuba imisi itatu

Prezida wa Amerika Barack Obama yerekanye icizere ko igihugu ca Cuba kimeze bigeye guhinduka, mw'ijambo yashikirije kuri television.

Uwo mutegetsi wa Amerika, abaye uwa mbere agendeye igihugu ca Cuba, akiri ku butegetsi mu kiringo c'imyaka 88, yashikiririje iryo jambo mu kibanza ca Grand Theatre mu gisagara ca Havane.

Obama yavuze ko yashitse muri Cuba "guhamba ibisigarira vy'intambara ikanye(Cold war)" n'ayandi matati menshi.

Yabwiye prezida wa Cuba, Raul Castro, ko bidakwiye ko atinya Amerika kandi mbere ko adakwiye gutinya "ivyo abantu bo muri Cuba bavuga".

Prezida Obama yavuze ko hageze aho Amerika na Cuba bareka ivyabatandukanya anyuma bagatera imbere" nk'abagenzi n'ababanyi n'umuryango, turi kumwe" mu misi iri imbere.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ku musi wa mbere, prezida Obama na Catro barishuranye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru

Yasavye abanyagihugu ba Cuba kureka intambara y'amajambo, ko gushikiriza iciyumvira ari ukutavuga rumwe na Amerika gusa ahubwo ari ugushikiriza akababakiye bo nk'abanyagihugu ba Cuba.

"N'aho hari izi politike zose, abantu baguma ari babandi, abanye Caba baguma ari abanya Cuba," n'uko yavuze.

Hanyuma yasavye ko ibihano vy'ubudandaji vyafatiwe ico gihugu na Amerika haraciye imyaka 54.

Iryo jambo ryashimwe cane n'abanyagihugu ba Cuba.

Ni inama nshingamateka yonyene ishobora kwemeza ikurwa ry'ivyo bihano.

Obama yarangije urugendo rwiwe rw'imisi itatu mu kujana na prezida Castro kuraba urukino rwa baseball ku kibuga ca Latinoamericano mu gisagara ca Havane.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Obama na Raul Castro barorereye urukino rwa Baseball bari kumwe

Tampa Bay Rays batsinze umugwi w'igihugu ca Cuba 4-1.

Inyuma yo kuva muri Cuba, prezida Obama yaciye aja mu gihugu ca Argentine ku musi bibuka imyaka 40 irangiye hakuwe ku butegetsi intwaro ya gisirikare.

Imwe mu migwi yateguye imyiyerekano yo kwiyamiriza Amerika bivugwa ko yari ifashe mu mugongo igisirikare igihe haba izo mpinduka mu 1976.