Impunzi zarokoye umunyepolitike mu Budagi

mpunzi zamuhaye ubutabazi bwihuta imbere y'uko igipolisi kihashika Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption mpunzi zamuhaye ubutabazi bwihuta imbere y'uko igipolisi kihashika

Umunyepolitike wo mu mugambwe wa Extreme droite mu Budagi yatabawe n'impunzi inyuma y'aho imodoka yiwe igongeye igiti, nk'uko bivugwa n'ibimenyeshamakuru vy'Ubudagi.

Abantu babiri bafise ubwenegihugu bwa Syria bahaye ubutabazi bwa mbere uwo munyepolitike wo mu mugambwe wa National Democratic Party (NPD), Stefan Jagsch yakomerekeye mw'isanganya ry'imodoka mu ntara ya Hesse, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru ca DPA.

Bivugwa ko izo mpunzi bariko bararengana iruhande y'ahabereye iryo sanganya bari bamaze kugenda igihe igipolisi cashika muri ico kibanza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption mpunzi zamuhaye ubutabazi bwihuta imbere y'uko igipolisi kihashika

Abanyepolitike b'uwo mugambwe wa NPD bari bamaze imisi bakoresha imyiyerekano y'urutavanako biyamiriza abimukira mu Budagi.

Umukuru wa NPD muri ako karere, Jean Christoph Fiedler, yashimiye izo mpunzi zibiri ku "kintu ciza bakoreye ikiremwamuntu", nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuruFrankfurter Rundschau.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ubu iriko irihweza ko uwo mugambwe wa NPD wohagarikwa kubera wagirizwa amacakubiri.