Batatu bakomerekeye mu bitero vya Grenade I Bujumbura

Abantu batatu bakomerekeye mu bitero vya grenade mu gitondo imbere y'ibitaro vy'abasirikare mu gisagara ca Bujumbura.

Izo grenade, imwe yatewe ku modoka yunguruza abantu ku muryango w'ibitaro vy'abasirikare mu Kamenge, iyindi ikaba yatewe mu mugwi w'abantu bari bahahagaze.

Abantu batatu ni bo bakomeretse.

Ntawuriyitirira izo grenade ko ari zibiri.

Hari haciye imisi ata bitero vya grenade bivuzwe.

Izo grenade zitewe inyuma y'umusi umwe gusa habaye ibitero bitumbereye abajejwe umutekano aho intwazangabo zibiri mu gisirikare zishwe n'abantu bataramenyekana gushika ubu, ikindi gisongerezi c'intwazangabo mu gipolisi na we aranyuruzwa.