Uwagirizwa ibitero vya Bruxelles akora Bombe

Ivyo bitero vyakomerekeje abantu benshi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ivyo bitero vyakomerekeje abantu benshi

Abategetsi b'Ubufaransa n'Ububiligi bavuga ko umwe mu biturikirijeko ibisase bakoze ibitero vy'I Bruxelles, ari we muhinga yakora amabombe.

Bavuze ko uwo yagirizwa ivyo bitero yagize uruhara mu gukora bombe zakoreshejwe mu bitero vy'I Paris, mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze, vyahitanye abantu 130.

Babivuga ariko badasha uwubivuga, abo bategetsi bavuze ko ibipimo vya ADN vya Najim Laachraoui babisanze ku ntsinga zo kwituritsa zakoreshejwe I Paris.

Ntaramenyekana ku mugaragaro ariko.

Abantu 34 baritavye Imana abandi benshi barakomerekera muri ivyo bitero vyabaye ku kibuga c'indege ca Zaventem n'aho igariyamoshi zihagarara I Maelbeek.

Umugwi wa Islamic State ni wo uvuga ko wagize ico gitero.

Haracasakwa umwe mu bagize ico gitero gushika n'ubu ataramenyekana bivugwa ko yoba yaratorotse.

Abakoze ivyo bitero babiri basanze avukana, Khalid na Brahim el-Bakraoui.