Umushinwa yemeye icaha co kwiba amabanga ya USA

Abo bantu bararondeye kumenya amabanga ya F-22 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abo bantu bararondeye kumenya amabanga ya F-22

Umugabo umwe wo mu gihugu c'Ubushinwa yemeye ko afise uruhara mu kwiba amabanga akomeye yerekeye uko igisirikare ca Amerika gitundanijwe.

Su Bin azwi ko ari mu mugwi w'abantu bahora biba amakuru yerekeye indege z'ingwano, indege zo gutwara imizigo n'inkoho.

Ubushikiranganji bw'ubutungane muri Amerika bwavuze ko Su yashaka ko bamuha amahera.

Su afise imyaka 50, yafashwe akora akazi mu gihugu ca Canada mu mwaka 2014.

Yagirizwa kuba afise ishirahamwe ry'ubuhinga bwo gutwara ibintu mu ndege yari ifise ibiro mu gihugu ca Canada, akaba yafashwe ariko aragerageza kuronka ubwenegihugu bwa Canada.

Yaremeye ko yakoranye n'abantu babiri bavuye mu Bushinwa hagati y'ukwezi kw'icumi mu 2008 n'ukwezi kwa gatatu mu 20014, mu kwiba uburyo inyabwonko za Amerika zikozwe, harimwe ishirahamwe rya Boeing ikoreshwa n'abasirikare ba amerika mu gukora indege zabo.

Ubu ashobora gupfungwa imyaka itanu agatangishwa n'ihadabu ry'amadollars 250,000