Abdeslam ntazokwanka kurungikwa I Paris

Salah Abdeslam Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Uwagirizwa ibitero vy'iterabwoba vy'I Paris, Salah Abdeslam yihindukije mw'ijambo, ntacanse ko ajanwa mu Bufaransa, nk'uko abamuburanira babivuga.

Salah Abdeslam ni umwe mubagirizwa ibitero vy'I Paris vyo mu kwezi kwa cumi na rimwe, vyahitanye abantu 130.

Yafashwe yakomeretse mu gikorwa c'igipolisi co ku wa gatanu I Bruxelles.

Ku musi wa kabiri, ibitero vya bombe vy'i Bruxelles vyahitanye abantu 31.

Vyibazwa ko ivyo bitero bifitaniye isano n'abagize ivyo i Paris hamwe n'ihagarikwa rya Abdeslam.