Karadzic yaraciriwe gupfungwa imyaka 40 yagirizwa genocide

Radovan Karadzic Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Karadzic yagirizwa ivyaha 11 harimwo , ugutsemba ubwoko, kwimura abantu ku nguvu, hamwe n'ivyaha bikorerwa ikiremwa muntu

Uwahoze ari umukuru w'aba Serbe bo muri Bosnie, Radovan Karadzic, yagiriwe n'ivyaga vya Genocide n'ivyo mu ntambara yakoze hagati y'imyaka 1992-1995, aca acibwa igihano co gupfungwa imyaka 40.

Abacamanza ba Onu b'I La Hague basanze yakoze ivyaha 10 kuri 11 yagirizwa, harimwo genocide yakorewe mu bwicanyi bw'I Srebrenica.

Karadzic ubu afise imyaka 70, akaba ari na we mutegetsi akomeye ari imbere y'ubutungane kubera ubwicanyi bwabereye mucahoze citwa Yougoslavie.

Urubanza rwiwe ruzokwama rubonwa nk'urwo ivyaha vyo mu ntambara ruciwe kuva habaye intambara ya kabiri y'isi yose.