Sassou Nguesso yatsinze amatora ya prezida

Prezida Sassou Nguesso ari ku butegetsi kuva mu 1979, havuyemwo imyaka itanu gusa yatsinzwe mu matora Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Sassou Nguesso ari ku butegetsi kuva mu 1979, havuyemwo imyaka itanu gusa yatsinzwe mu matora

Denis Sassou Nguesso, yatorewe gusubira kurongora igihugu ca Congo-Brazzaville, inyuma yo guhindura ibwirizwa shingiro kugira ashobore kwitoza.

Yatsinze ku majwi 60 kw'ijana, mu gihe uwamukurikiye hagufi yaronse ibice 15 kw'ijana, nk'uko vyamenyeshejwe n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu.

Abatavuga rumwe na reta bavuze ko ayo matora yaranzwemwo ubusuma burengeje.

Bavuze ko uguhagarikwa kw'ihanahana ry'amakuru mu gihe c'amatora, ata kindi ryari rigamije atari ukubuza abahagarikizi bamatora gukurikirana uko ariko aragenda.

Prezida Sassou Nguesso ari ku butegetsi kuva 1079, kiretse imyaka itanu gusa yabuvuyeko yatsinze mu matora mu 1992.

Ibwirizwa shingiro ryahinduwe inyuma y'amatora ya kamarampaka yo mu kwezi kw'icumi, yahanagura ibiringo n'imyaka vyashobora kubuza uwo mukuru w'igihugu w'Imyaka 72 gusubira kwitoza.

Igipolisi carateye ivyuka bikoroza amosozi abatavuga rumwe na reta bariko bariyamiriza uko amatora yagenze, ko atakurikije amategeko, igihe arangiriye ku musi w'Imana ku mugwa mukuru I Brazzaville.

Guy-Brice Parfait Kolelas yaronse ibice 15%, mu gihe Gen Jean Marie Michel Mokoko yaje mu kibanza ca gatatu n'amajwi 14%, nk'uko vyavuzwe n'uwo mushikiranganji.

Imbere y'amatora, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Raymand Mboulou yatanze itegeko ku mashirahamwe y'amatelefone guhagarika itumatumanako , ubutumwa bugufi hamwe na internet.