Batandatu bahagaritswe bakekwako ibitero vy’I Bruxelles

Umusirikare acungera umutekano i Buruseri Uwufise ububasha kw’isanamu CHRISTOPHE PETIT TESSON
Image caption Umutekano urashimangiwe mu Bubirigi

Igipolisi mu Bubiligi cafashe abantu batandatu bakekwa kugira uruhara mu bitero mu gisagara ca Bruxelles, mu gihe amatohoza akibandanya ku bitero vyo ku wa kabiri vyahitanye abantu 31.

Abo bantu bafatiwe mu karere ka Schaerbeek.

Igipolisi ntikirashira ahabona amazina yabo bafashwe, canke ko boba baragize uruhara muri ivyo bitero.

Hagati aho, mu Bufaransa, umuntu bibaza ko yariko arategura ibitero, yafatiwe hafi y'igisagara ca Paris, nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Ivyo bitero vy'I Bruxelles afitaniye isano n'ibitero vy'I Paris yo mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze.

Umugwi wiyita Islamic State (IS) waremanze ivyo bitero bibiri.

Abantu bafatiwe mu karere ka Schaerbeek, bahagaritswe ku musi wa kane, bakaba bafatiwe mw'isaka ry'inzu ku yindi muri ako karere.

Ababa ngaho bavuga ko bumvise ibintu biturika igihe hariko haraba iryo saka ry'igipolisi, ariko icabiteye ntikiramenyekana.

Uretse ivyo, ku wa kane ku mugoroba nyene Ubufaransa na bwo bwarasatse mu karere ka Argenteuil, mu buraruko bushira uburengero bw'Ubufaransa, inyuma y'aho hafatiwe uwo muntu bivugwa ko yariko arategura ibitero.

Umushikiranganji w'umutekano, Bernard Cazeneuve, yavuze ko uwo yafashwe, afise ubwenegihugu c'Ubufaransa, yari ateye kure cane kugira ashire mu ngiro ivyerekeye ico gitero, aca yongerako ko ata sano afitaniye n'ibitero vya Bruxelles canke ivyo I Paris.

Abantu 130 barapfuye mu kwezi kwa cumi na rimwe umwaka uheze inyuma y'aho abitwaje iterabwoa batereye mu bibanza bitandukanye mu gisagara ca Paris.