Aba Taliban bemanze igitero c’i Pakistani

Abari kugerageza gutabaza nyuma y'igiterp i Lahore Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abantu 300 ni bo bakomerekeye muri ico gitero

Umugwi umwe wiyonkoye ku barwanyi b'aba Taliban wavuze ko ari wo wagize ibitero mu gisagara ca Lahore, mu gihugu ca Pakistan, cahitanye abantu barenga 70.

Uwo mugwi wa Jamaat-ul-Ahrar wavuze ko wari utumbereye abakristu bariko barigina umusu mukuru wa Pasika, n'aho igipolisi kivuga ko bakigira amatohoza yo kumenya nimba koko ari bo bagize ico gitero.

Abavyeyi bari bataye imitwe bariko bararondera abana babo mu bisigarira vy'amazu.

Abanye Pakistan bateye ivyatsi ico gitero n'abategetsi b'iyo ntara batangaje imisi itatu y'icunamo.

Abantu bashika 300 bakomeretse, abategtsi bakaba bavugako igitigiri c'abapfuye gishobora kwongerekana.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ico gitero cabereye hagufi y'aho abana bakunda gukinira

Ico gitero cabereye mu kibanza co kuruhukiramwo ca Gulshan-e-Iqbal mu gisagara ca Lahore hagufi y'aho abana bakinira ku musi w'Imana.

Lohore ni igisagara gitunze cane, kandi ni kimwe mu bisagara abantu baho badategerezwa kubona inintu kumwe.

Ni ho umushikiranganji wa mbere Nawaz Sharif afise abanywanyi benshi, kandi ntiwari bwaterwe kenshi n'abitwaje iterabwoba muri myaka ya vuba.

Umuvugizi w'umugwi wa Jamaat-ul-Ahrar, Ehsanullah Ehsan, yavuze ko uwo mugwi washatse kurungikira ubutumwa Sharif ko bamaze kwinjira Lahore, kandi ko uwo mugwi uzogira ibindi bitero vyinshi

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abavyeyi bari bataye umutwe barondera abana babo

Jamaat-u-Ahrar bikuye kuri Tehrik-e Taliban bo muri Pakistan.

Uramaze kugira ibindi bitero vyinshi ku banyagihugu n'inzego zijejwe umutekano mu mezi aheze.

Sharif yerekanye akababaro afise kubera abantu benshi b'inzirakarengane babuze ubuzima bwabo.

Yaciye asivya urugendo yari yateguye rwo kuja mu gihugu c'Ubwongereza.