Abarwanyi 100 ba Al-Shabab bishwe

Aba ni abagwanyi ba Al-Shabaab Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abagwanyi ba Al-Shabaab bamaze iminsi bahanganye na leta ya Puntland

Umukuru w'intara ya Galmudug, mu gihugu ca Somalia, yavuze ko abasirikare b'iyo ntara bishe abagwanyi ba Al-Shabab 100, mu ntambara yamaze imisi ine.

Abo barwanyi biyitirira idini rya Islam bari binjiye muri iyo ntara bahunze izindi ntambara mu buraruko mu ntara ya Puntland.

Prezida w'iyo ntara, Abdikarin Hussein Gulled yabwiye BBC ko abagwanyi ijana bishwe abandi benshi barafatwa.

Izo nkuru nta bandi barazemeza.

Abagwanyi ba Al-Shabab bari bamaze imisi batana mu mitwe n'abasirikare ba Puntland bihana urubibe na Galmudug mu ntango z'indwi iheze.

Bari bimukiye mu karere ko mu buraruko inyuma yo guterwa bikomeye n'abasirikare ba Somalia bafashijwe n'abasirikare b'ubumwe bwa Afrika(Amisom), mu bumanuko no hagati muri Somalia.