Amerika yuguruye telefone y'umwiyahuzi

Syed Rizwan Farook (I buryo) n'umugore wiwe Tashfeen Malik, bishe abantu 14 itariki zibiri ukwezi kwa cumi na kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Syed Rizwan Farook (I buryo) n'umugore wiwe Tashfeen Malik, bishe abantu 14 itariki zibiri ukwezi kwa cumi na kabiri

Ubushikiranganji bw'ubutungane muri Amerika bwavuze ko bwashoboye gusoma ibintu vyose vyari bibitswe muri telefone ngendanwa ya iPhone y'umwe mu biyahuzi mu gitero c'ubwicanyi cabereye I San Bernardino, buca bunamenyesha ko buhagaritse umugambi wo kwitwarira ishirahamwe rya Apple.

Wizara ya Sheria ya Marekani inasema imefanikiwa kuzisoma data zilizohifadhiwa kwenye Simu ya iPhone mali ya mmoja wa walipuaji katika tukio la mauaji la San Bernardino na kutangaza kuacha mpango wake wa kisheria dhidi ya Kampuni ya Apple.

Umushikirizamanza wa Amerika, Eileen Decker, yavuze ko hari umuntu yafashije ico gisata kugurura iyo telefone ya iPhone, atacononekaye mu bintu vyari biyibitsemwo.

Ishirahamwe rya Apple ryaranse gufasha mu matohoza, rivuga ko ryoba rikoze ibintu bibi bitazibagirwa.

Iyo telefone yari iya Rizwan Farook, we n'umugore wiwe bishe abantu cumi na bane mu bumanuko bwa California, mu kwezi kwa cumi na kabiri, umwaka uheze.