Amerika yitwariye Iran muri Onu

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Iran yagerageje missile zishika kure mu ntango z'uku kwezi

Amerika n'incuti zayo z'I Buraya bitwaye muri Onu kubera Iran yagerageje missile zishika kure.

Ivyo bihugu vyavuze ko iryo geragezwa ritandukanye n'ivyo bumvikanye n'amakungu.

Ivyo bumvikanye biri mu masezerano agenga ibirwanisho vy'ubumara hagati ya Onu na Iran, yasaba Iran kutagira igeragezwa rya missile zishika kure, zifise ubushobozi yo gutwara ibirwanisho vy'ubumara.

Mw'ikete ryabonywe na Reuters, abategetsi ba Amerika, Ubwongereza, Ubufaransa n'Ubudago barerekanye amakenga bafise kubijanye n'ivyo Iran yitwaza koi zo missile zishobora kugeramira Israel.

Ivyo bihugu bine basavye akanama ka Onu kajejwe umutekano, kuvugana ingingo zikwiye gufatwa.

Ariko iryo kete ntiridoma urutoke koko ko iryo geragezwa rinyuranije n'amasezerano ari hagati ya Onu na Iran.

Izo missile zari zanditsweko:"Ni ngombwa Israel ibangamigwe" bikaba vyari vyanditswe mu Kiyahudi.